Africa Newspapers
Voice of America is an international news and broadcast organization serving Central and Eastern Europe, the Caucasus, Central Asia, Russia, the Middle East and Balkan countries
-
Amerika na Turikiya Byiyemeje ko Assad Agomba Kuvaho
Perezida w’Amerika Barack Obama na ministri w’intebe wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan bavuze ko Amerika na Turkiya byiyemeje kotsa igitutu perezida Bashar al-Assad wa Siriya akavaho, hagatangira inzibacyuho ya politiki.
Ministri w'intebe wa Turikiya yari muri Perezidensi y'Amerika kuwa kane taliki ya 16 y'ukwezi kwa gatanu mu mwaka wa 2013. Ni byo Tomasi Kamilindi atugezaho.
-
Marguerite Barankitse Muri Kaminuza Duke Na Emory
Muri reta zunze ubumwe, ukwezi kwa gatanu, n’ukwezi gukomeye cane muri za kaminuza zose,.
-
Ingoma z’I Burundi Hamwe n’Ingoma Zo Muri Canada.
Umuhinga yanonosoye ivyerekeye Sinema, avuga kw’ingoma z’I Burundi zifise vyinshi zisangiye n’ingpma zo muri Canada.
-
Abashikiranganji Bajejwe Ikigega, b’Ibihugu Bigize Umurwi G7, Baraganiye Ivyerekeye Gukomeza Ukunaguka kw’Ubutunzi kw’Isi
Abategetsi bava muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada, Ubudagi, Ubufransa, Ubuyapani, Ubwongereza n’Ubutaliyano, bari bakoraniye ahitwa Hartwell House, hafi y’igisagara ca Londres.
-
Nawaz Sharif Yaratangaje Intsinzi y’Umugambwe Wiwe ,mu Matora y’Abashingamateka, muri Pakistani
Sharif ariko asaba imigambwe yose, mu gihugu ca Pakistani, kwifatanya nawe, mu gutorera inyishu ibibazo igihugu ca Pakistani gifise
-
Igihugu ca Turkiya Catunze Urutoki Syria, ku Bitero Bibiri vy’Amabombe, Yari Yatezwe mu Modoka
Ivyo bitero vya bombe vyabaye, ejo ku musi wa gatandatu ,vyahitanye abantu mirongo ine na batatu, abandi barenga ijana barakomereka.
-
Ikiganiro na Runyurana Jean-Pierre
Runyurana Jean-Pierre ni umuhanzi w’Umunyarwanda utangiye kumenyekana no mu mahanga.
-
Prezida wa Amerika, Barack Obama, na prezida wa Korea y’epfo, Park Geun-hye, Barerekanye ko Bari Hamwe, ku Vyerekeye Korea ya Ruguru
Prezida Obama yatangaje ko Amerika yiteguriye kwivuna Korea ya ruguru, n’ugutabara ibihugu bicuditse.
-
Amerikan’Uburusiya Vyarumvikanye, ku Biganiro Mpuzamakungu kuri Syria
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarabonanye, ejo ku musi wa kabiri, I Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov.
-
Igitero c’Umurwi Boko Haram ,mu Buraruko bwa Nigeria, Cahitanye Abantu Mirongo Itanu na Batanu
Ico gitero cabaye imbere y’ubucagucagu kigizwe n'abarwanyi b’umurwi Boko Haram, ukorana n’umurwi al-Qaida
-
Sena y'u Rwanda n'iya Kongo Zaganiye ku Mutekano
Intumwa za komisiyo y’ububanyi n’amahanga ya sena ya Kongo ziyobowe na perezida wayo Leon Kengo wa Dondo zatangiye ibiganiro by’iminsi ibiri n’abayobozi ba sena y’u Rwanda taliki ya 6 n’iya 7 y’ukwezi kwa gatanu mu mwaka wa 2013.
Izo ntumwa zasuye inkambi y’impunzi z’abanyekongo iri ahitwa I Gihembe mu karere ka Gicumbi, ndetse n’iya Mutobo aho impunzi zituruka muri Kongo zibanza kuruhukira.
Umunyamakuru w’Ijwi ry’AMerika Etienne Karekezi yabajije perezida wa sena y’u Rwanda Dr. ...
-
Imvura y'Inkangu Yahitanye 10 mu karere ka Rulindo
Imvura nyinshi yaguye hagati y'amataliki ya gatatu n'iya gatanu y'ukwezi kwa gatanu umwaka wa 2013 yahitanye abantu icumi yangiza n’ibikorwa remezo binyuranye mu ntara y’amajyaruguru y’u Rwanda.
Mu turere twibasiwe cyane harimo aka Rulindo, aho abo bantu bapfuye. Iyo mvura y'inkangu kandi yaciye umuhanda Kigali-Ruhengeri-Gisenyi n'indi mihanda y'imirenge n'utugali.
Umunyamnakuru w'Ijwi ry'Amerika Etienne Karekezi yavuganye na Meya w'akarere ka Rulindi ...
-
Israel Yaragize Ibitero vy’Indege z’Ingwano, ku ma Missile y’Igihugu ca Irani, Muri Syria
Amakuru yerekeye iperereza abayatanze batamenyekanye, yamenyesheje ko nkuko vyagenze, mu gitero c’indege z’ingwano cabaye mu gitondo, c’ejo ku musi w’Imana, Israel yarondeye missile Fatah-110, zaringitswe zivuye, mu gihugu ca Irani
-
Umwihevyi Yari Afise Bombe mu Modoka, Yarayiturikije Ahitana Abantu Umunani, muri Somali
Umurwi w’abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero cabaye, ejo ku musi w’Imana, ku murwa mukuru, Mogadisho.
-
Urunani rw’Imigambwe Imaze Igihe Kirekire Iyoboye Igihugu ca Malaysia, Yaratsinze Amatora y’Abashingamateka
Ivyavuye mu matora vyo mu ntango, vyerekana kw’urunani rw’umushikiranganji wa mbere, Najib Razak, rwatsindiye ibibanza 112, ku bibanza amajana abiri na mirongo ibiri na bibiri, mu nama nshingamateka